LATEST NEWS
Mu Rwanda
Ubwicanyi bw’abari mu nzego mu Burundi burakomeje
Publish Date: lundi 25 avril 2016
VISITS :2241
By Admin

General Kararuza Athanase yahoze arongoye ingabo za Onu mu gihugu ca Centrafrique n’umugore wiwe bagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho muri kino gitondo, muri zone Gihosha iri mu gisagara ca Bujumbura.

General Kararuza yari ajanye umwana kw’ishura, baca babarasira imbere y’ishure ryisumbuye rya St Esprit.

Gen Kararuza n’umugore wiwe baciye bapfa ubwo nyene, umwana na we arakomereka cane, mu kanya gaheze nawe akaba acikaniye kwa muganga.

Ubu General Kararuza yari umuhanuzi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ashinzwe ibibazo vy’umutekano.

Ubundi bwicanyi

Mw’ijoro ryakeye abantu bitwaje ibirwanisho barateye kandi ku muhana wa Col Ndabigeze Donatien, yakora mu biro vy’iperereza, muri quartier Carama iri muri komine Ntahangwa, bica umupfasoni wiwe n’umushitsi yari yaje kubaramutsa.

Hari ikindi gitero ca grenade cari cabaye ku murango ku modoka y’umushikiranganji wo gushigikirana n’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, aho yari yagiye gusenga muri zone Nyakabiga, kw’isengero "Guerison des ames".

Ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa facebook, akaba yamenyesheje ko we n’umugore wiwe bakomeretse bisanzwe ariko bakomeye.

Mu ndwi iheze uwundi musirikare w’ipeta rya Lt Col yaragandaguwe hafi y’umuhana iwe, muri zone Kinama, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Umwanditsi wacu mu Burundi

IBITEKEREZO

TANGA IGITEKEREZO

Kwamamaza
Kwamamaza
Also in this section
Umugore wa Safi yasubiye muri Canada aho ni ubuhoro ! [ VIDEO ]

Umugore wa Safi yasubiye muri Canada aho ni ubuhoro ! [ VIDEO...

Itorero Zion Temple riramaganira kure inyandiko yitiriwe Apotre Gitwaza yandikiwe FPR

Itorero Zion Temple riramaganira kure inyandiko yitiriwe Apotre Gitwaza...

Impaka ndende no gutakamba mu rubanza rw’abo kwa Rwigara rwarangiye mu ijoro

Impaka ndende no gutakamba mu rubanza rw’abo kwa Rwigara rwarangiye mu...

Gukorera hamwe kw’Abanyarwanda byahesheje Perezida Kagame igihembo cy’indashyikirwa

Gukorera hamwe kw’Abanyarwanda byahesheje Perezida Kagame igihembo...

Urubanza rw’abo kwa Rwigara rwashyizwe mu muhezo

Urubanza rw’abo kwa Rwigara rwashyizwe mu muhezo

NEW POSTS
Ukuri ku ihanurwa ry’indege ya Habyarimana : Kwivuguruza kw’Abatangabuhamya

20-10-2017

Ukuri ku ihanurwa ry’indege ya Habyarimana : Kwivuguruza kw’Abatangabuhamya

Mugenzi Thabita Gwiza, Kayumba na Himbara mu mugambi wabo kwa Rwigara

20-10-2017

Mugenzi Thabita Gwiza, Kayumba na Himbara mu mugambi wabo kwa...

HRW yashyize abantu muri raporo yemeza ko bishwe kandi bakiriho

18-10-2017

HRW yashyize abantu muri raporo yemeza ko bishwe kandi bakiriho

Amwe mu mazina y’Abafaransa ashyirwa mu majwi mu guhanura Indege ya Habyarimana

17-10-2017

Amwe mu mazina y’Abafaransa ashyirwa mu majwi mu guhanura Indege ya...

Nta Himbara, nta shinge nta rugero

15-10-2017

Nta Himbara, nta shinge nta rugero

Umubano hagati ya Adeline Rwigara, Col Sagatwa, Col. Rwagafirita n’umucuruzi Nzabarinda Xavier

14-10-2017

Umubano hagati ya Adeline Rwigara, Col Sagatwa, Col. Rwagafirita n’umucuruzi...

Polisi yabeshyuje iby’itabwa muri yombi ry’umugandekazi wari muri RwandAir

14-10-2017

Polisi yabeshyuje iby’itabwa muri yombi ry’umugandekazi wari muri...