Perezida yavuye mu matora mu gihugu cya Gambiya, Adama Barrow, yatangaje uno musi ku wa kane, ko kurahira kwiwe kuza kubera muri Ambasade ya Gambiya mu gihugu cya Senegali. Ibyo ni mu gihe perezida Yahya Jammeh yanse gutanga ubutegetsi.
Ibyo yabitangarije ku rubuga, Twitter, aho yatangaje kw’amabanga ya perezida Jammeh arangiye, nyuma y’isaa sita zijoro.
Ibirori by’ukurahira byari bitegekanijwe kuba uyu munsi ku wa kane ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul.
VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko Ibihugu bituranye na Gambiya mu karere ko muri Afrika yo mu burengero biriho bigerageza gutorera igisubizo ibibazo bya Politike biri muri Gambiya muri iki gihe.
Inteko z’ibihugu bigize ishyirahamwe CEDEAO, zari zirindiye ku mupaka hagati ya Senegal na Gambiya uno musi ku wa kane.
Umutegetsi mukuru w’igisirikare cya Gambiya, Ousman Badjie, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, Agence France Presse, ku musi wa gatatu, kw’inteko ziwe zizivuna inteko z’ishyirahamwe CEDEAO niyo zinjira ku butaka bwa Gambiya.
Adama Barrow, watsinze amatora muri Gambiya