• Ahabanza
  • Abo Turibo
  • Twandikire

RUSHYASHYA

Kandaho
  • Home
  • AMAKURU
    • Mu Rwanda
    • Mu Mahanga
  • POLITIKI
  • ITOHOZA
  • UBUKUNGU
  • IKORANABUHANGA
  • IMIKINO
  • SHOWBIZ
  • HIRYA NO HINO
  • MULTIMEDIA
    • Videwo
Inkuru zigezweho
  • Ibitego, uduhigo, amarira… Ibihe bidasanzwe byagize Lionel Messi igihangange ku Isi   |   01 Sep 2026

  • Eugène Ntambara yakatiwe burundu n’ubutabera bw’u Buholandi kubera uruhare muri Jenoside yakorewe Abatutsi   |   31 Aug 2026

  • Wazalendo yafashe abasirikare babiri b’Abarundi i Baraka, bajyanwa i Kinshasa: Ubwumvikane buke hagati ya FARDC n’ingabo z’u Burundi bwaturutse he?   |   31 Aug 2026

  • Police FC yasezereye Rayon Sports igera ku mukino wa nyuma wa Super Cup 2026 isanzeyo Kiyovu SC yo yasezereye Mukura VS   |   28 Aug 2026

  • U Rwanda rwabonye inguzanyo ya miliyari 280 Frw yo kuzamura ibikorwaremezo   |   26 Aug 2026

  • Volleyball: Mu mikino y’igikombe cy’Afurika mu Bagore iri kubera muri Kenya, U Rwanda rwandagaje Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (DRC)   |   26 Aug 2026

 
You are at :Home»Amakuru»Akaga k’abasirikari b’u Burundi bari muri Kongo, nk’uko kavugwa na ba nyirako

Akaga k’abasirikari b’u Burundi bari muri Kongo, nk’uko kavugwa na ba nyirako

Ubwanditsi 23 Jan 2025 Amakuru, INKURU NYAMUKURU, Mu Mahanga, POLITIKI

Nyuma y’amakuru twakomeje kubagezaho arebana n’ingorane abasirikari b’u Burundi boherejwe kurwanirira Tshisekedi bahura nazo, zirimo gupfa, gukomereka no gufatwa mpiri ku bwinshi, hari abo ku ruhande rwa Leta y’uBurundi n’iya Kongo babyise amakabyankuru.Ni mu gihe kandi, ntibari kwemera ko abasirikari babo bakubutitse kariya kageni. Ni igisebo ku butegetsi, ariko ni n’agahinda ku miryango y’abo basirikari bapfa nk’ibimonyo, ku nyungu gusa za Perezida Ndayishimiye n’agatsiko ke k’ivikomerezwa muri CNDD-FDD.

Nyamara burya ngo agahinda k’inkoko kamenywa n’inkike yatoyemo. Niyo mpamvu twifuje kubagezaho ukuri ku buzima bw’abasirikari b’uBurundi bari ku rugamba muri Kongo, kugirango niba hari icyo Abarundi bakora ngo batabare ubuzima bw’abo bana b’uBurundi, gikorwe batarashirira ku icumu.

Ni ubuhamya buri mu kirundi, ariko ntidushidikanya ko muza kumva neza ibikubiyemo, kuko Abarundi n’Abanyarwanda ari abavukanyi, bityo n’indimi zabo zikaba zifitanye isano ya bugufi cyane.

Intahe y’umusoda w’Umurundi ari muri RDC.

“Ndabaramukije. Je ndi umusirikare w’Uburundi ari muri Congo kandi akurikirana cane amakuru mwandika. Narabonye ko mwanditse hirya y’ejo kw’ifatwa rya Minova, agace ko mu buraruko bw’intara ya Sud-Kivu, muri RDC. Narasomye kandi ko mwavuze ko cari icicaro gikomeye c’igisirikare c’Uburundi. Ndipfuza kubaha umuco ukwiye k’ukugene vyagenze.

Icambere nobabwira nuko vy’ukuri Minova cigeze kuba ari ikibanza gihambaye cane ku basirikare b’Uburundi bari muri Nord-Kivu. Muzoyirabe kw’ikarata muzotahura impamvu. Minova irahambaye cane ku bijanye n’inzira zicamwo ibintu bitunga ababa mu gisagara ca Goma. Minova iri ku nkengera za Kivu, abasoda bavuye mu Burundi, bagaca Bukavu, baca burira ubwato, bakururukira Minova. Ufise Minova, uroroherwa kuja mu tundi duce twinshi twa Nord-Kivu. Mbere Minova niho hari hashinzwe icicaro gikuru (PC) ca Colonel Pontien Hakizimana batazira Mingi, yari commandant wa brigade. Ubuho ndibaza murazi ko bamugize commandant wa Division, aca agaba brigades zose ziri hano uko ari zitatu.

Ariko muri rusama 2024, PC yarakuwe Minova. Ico gihe twari tubangamiwe rwose, twarabona ko M23 yagira idufatishe iminwe ibanje kutuzunguruka igafata imisozi yose iduhanamiye. PC yaciye ayishira hejuru y’aho bita i Nyamasasa, sinibuka neza izina ko ari ku Buhanga. Igihe tuva Minova muri 2024, twabanje guturira ama bombes, ama grenades, amasase menshi, kugira ntibirwe mu minwe ya M23. Mu nyuma, haragarutse abasoda b’abarundi, ariko bagira position aho bita Karungu, nko ku birometero 8 vya Minova. Baragumanye ayandi ma positions mu misozi ihanamiye Minova.

Ivyabaye rero ku wakabiri uheze (21.01.2025), ntabwo twagwaniye muri Minova. Tumaze kubona positions nka zose zo mu mitumba M23 izitwatse, twashimye kuvayo kare. Ubundi iyo abasoda bacu bagumayo, M23 yari kubafatisha iminwe bose. Iyo mitumba ifashwe, nta saganirizo riba risigaye. Aho Karungu hose, n’aboba bari begereye Minova, bose baronse itegeko rivuye kwa Mingi ryo kuvayo M23 itaradushikira, tuja guhura n’abavuye Masisi na Ngungu, tubona guhungira muri Sud-Kivu. Muri kino gihe, nta position n’imwe y’Abarundi isigaye muri Nord-Kivu. Na Mingi nka commandant Division yarimuye PC, ubu yarimukiye muri Sud-Kivu.

Vy’ukuri atavyo kubesha bigiyemwo, M23 yaradutsinze muri Nord-Kivu. Niko ivy’intambara birahindagurika, kumbure tuzokwivyukiranya, ariko muri kino gihe, twaraneshejwe. Ntituzi ko M23 izomanuka ikadiusanga muri Sud-Kivu naho. Iyi misi itatu, nta ntambara turimwo.”

Baratuza yarabeshe rwose !

“Narumvise ivyo Général Baratuza yavuze mu kiganiro yatanze. Sinovuga ngo yarabeshe kubera ariyo mvugo yo mu rugamba. Ariko ivyo yashikirije, ntaho bihuriye nukuri. Baratuza yaravuze ko abasoda b’Uburundi bahagaze neza ku ma positions bafise muri RDC. Narabonye ko mwamwishuye ngo nagende akoreshe ikiganiro muri Ngungu, yereke abamenyeshamakuru ingene igisoda c’Uburundi gihagaze neza. Mwamwishuye neza. Vy’ukuri nta position n’imwe dusigaranye muri Nord-Kivu, zose M23 yarazitwatse. Kuva tuyiteye muri Ngungu tukahabaka, ivyakurikiye nta zina twobiha, twatakaje abasoda benshi n’ibikoresho. Nimba mbeshe, kurya mwabivuze, Baratuza araza yerekane ibirindiro dusigaranye.

Twarumvise ukugene yabatutse. Yaravuze ko amafoto y’ibiziga ari amakorano muri Photoshop. Aho nukuri yararengeje. Ahubwo ikibi ni kurya kwerekana amafoto y’ibiziga bimeze nabi. Birya nta n’umwe yobishima, kandi mwebwe ntimwigeze muvyerekana. Ico nico natwe tubakundira. Ariko yari amafoto y’ukuri, hariho n’imiryango yamenyemwo abayo. Ingwano yarabaye mbi cane, abasoda bacu barahunga, bagenda batajanye ibiziga. Abasoda baranagize ingorane amasase arabaherana, aho ntituvuze inzara, aho bamwe batari bagishobora kwiruka ngo bahunge.

Ku kijanye n’ibitigiri, uwovuga ko azi neza ibitigiri vy’abapfuye yoba abeshe. Ico bakora baraharura bakabona bataillon yose abo isigiranye, bakabona ababuze uko bangana. Burya tuzomenya neza abapfuye niyo M23 yasubira kwerekana abo yafashe mpiri, nimba izobikora. Ubundi ntidushobora gutandukanya abapfuye n’abafashwe. Aho rero ntitwokwibagira ko abapfuye baguma bongerekana kubera hariho abakomeretse baguma bacikanira mu bitaro. Burya no muri Hôpital militaire i Bujumbura, hari abatahanywe babandanya kuhapfira.”

Twebwe turazi ico mwatumariye.

“Naho mwumva Baratuza abatuka, ntimucike intege. Twebwe turi ino turazi ico mwatumariye. Jewe ndi mubaje muri 2023. Nimwe mwiyamirije ingene twambikwa umwambaro wa RDC, kandi mumaze kuvyerekana vyarahinduwe. Ahubwo nkeka mutazi ko na Général Nsaguye Pacifique mwatumye akurwa kuba G2. Niwe yari yatanze iciyumviro co kutwambika umwambaro wa FARDC. Kirya caramukozeko.

Ni mwebwe mwashimitse kwerekana ingene twahembwa ubusa, aho twaronka amadolari 50 ku kwezi. Mwarasemereye baramaramara, na canecane ko mwaguma mwerekana ingene abatwara igihugu aribo bariko baradutungirako. Burya haciye haba impinduka ikomeye k’ukugene baduhemba. Narumvise Baratuza avuga ngo ni ibanga, ariko narabonye ko muyazi ayo turonka. N’ibijanye no gufasha abakomeretse canke gushigikira imiryango yabuze, hariho icahindutse inyuma y’aho mukoreye ikiganiro kinini kuri telegram na WhatsApp, hariho groupe y’imbonerakure yari yabatumiye. Gusa bikorwa mu kajagari, mu kimenyane n’akarenganyo. Ariko murabandanye kubishira ahabona, ndazi bizohinduka.

Mwaradufashije cane igihe mwerekana uko twari tubuze ibikoresho, ingene amafaranga yo gufungura yariko aribwa, n’ibindi. Burya mwarakuje aba Colonel babiri bose bari baturongoye, kugeza aho bazana Mingi. Kurya mwabivuze, Mingi arafise ico arusha abo bandi bose. Ariko n’ubu inyifato y’abakuru si nziza. Nta mwanya wo gutegura ingwano bafise, bibereye muvyo guca amahera gusa. Navyo nyene murasubire musemerere.

Iki co kutwaka telefone, burya cavuye kuri mwebwe. Imbere y’uko bazitwaka, abasoda bose baba bariko barasoma ivyo mucisha ku rubuga, ntimushobora kwibaza inguvu mwari mufise ku basirikare. Vyarateye ubwoba abatwara igisoda, bagira aho bibaza ko mushobora kuronka amabanga yose y’urugamba. Naho babatuka, ivyo muvuga barabikorerako cane. Kuko barabona ko muba mufise amakuru y’ukuri mwahawe n’abasoda. Niyo mpamvu bibajije ko batwatse telefone mutazosubira kuronka amakuru. Nivyo hariho icagabanutse, kuko ubu n’abazifise baragerageza kuzinyegeza. Ariko burya ntikibuza ko ivyo mwandika bishikira abasoda. Bake babisoma, barabibwira abandi.

Nashaka ndangize ndabatera intege. Abasoda ni twebwe tuzi ico mutumariye. Ntimucike intege kubera ibitutsi. Nimukomere.”

2025-01-23
Ubwanditsi

IZINDI NKURU

Kugereka ibibazo byabo ku Rwanda, ishyari n’iturufu by’abananiwe kuyobora ibihugu byabo.

Kugereka ibibazo byabo ku Rwanda, ishyari n’iturufu by’abananiwe kuyobora ibihugu byabo.

Ubwanditsi 30 Dec 2023
Bitewe n’impamvu ze bwite, Lumumba Sosthene watozaga ikipe ya Etincelles FC yeguye kuri uyu mwanya habura amasaha 48 ngo akine na Gorilla FC

Bitewe n’impamvu ze bwite, Lumumba Sosthene watozaga ikipe ya Etincelles FC yeguye kuri uyu mwanya habura amasaha 48 ngo akine na Gorilla FC

Ubwanditsi 04 Dec 2021
Ikipe ya Etincelles FC yateguye amatora yo kuzuza imyanya, abazatora basabwa kuzana inyemezabwishyu y’amafaranga atari munsi ya 10 000

Ikipe ya Etincelles FC yateguye amatora yo kuzuza imyanya, abazatora basabwa kuzana inyemezabwishyu y’amafaranga atari munsi ya 10 000

Ubwanditsi 27 Dec 2021
Kongere ya Amerika yatesheje agaciro ibirego Himbara na Major Higiro barega u Rwanda

Kongere ya Amerika yatesheje agaciro ibirego Himbara na Major Higiro barega u Rwanda

Ubwanditsi 04 Oct 2017

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

IZO TWAGUHITIYEMO

Perezida Paul Kagame yifashishije umupira w’amaguru mu kwerekana uko amateka u Rwanda rwanyuzemo yatumye ruyavanamo amasomo atandukanye
Amakuru

Perezida Paul Kagame yifashishije umupira w’amaguru mu kwerekana uko amateka u Rwanda rwanyuzemo yatumye ruyavanamo amasomo atandukanye

Ubwanditsi 15 Mar 2023
Ingabo za Callixte Sankara , Rusesabagina na Col. Wilson zigambye igitero cyo muri  Nyaruguru
INKURU NYAMUKURU

Ingabo za Callixte Sankara , Rusesabagina na Col. Wilson zigambye igitero cyo muri  Nyaruguru

Ubwanditsi 16 Jul 2018
Polisi y’u Rwanda yatangije ibikorwa by’ Isabukuru yayo ya 17
Mu Rwanda

Polisi y’u Rwanda yatangije ibikorwa by’ Isabukuru yayo ya 17

Ubwanditsi 17 May 2017

AKA RUSHYASHYA

KWAMAMAZA

HIRYA NO HINO

Eugène Ntambara yakatiwe burundu n’ubutabera bw’u Buholandi kubera uruhare muri Jenoside yakorewe Abatutsi

Eugène Ntambara yakatiwe burundu n’ubutabera bw’u Buholandi kubera uruhare muri Jenoside yakorewe Abatutsi

31 Aug 2026
Polisi y’u Rwanda Irakangurira Abanyatubari kongera gusubira ku muco wo gufunga bakurikije amasaha yagenwe

Polisi y’u Rwanda Irakangurira Abanyatubari kongera gusubira ku muco wo gufunga bakurikije amasaha yagenwe

05 Aug 2026
Icukumbura ku bari inyuma yo guhuza Tshisekedi n’umuryango wa Juvenal Habyarimana

Icukumbura ku bari inyuma yo guhuza Tshisekedi n’umuryango wa Juvenal Habyarimana

01 Aug 2026
Ba Minisitiri u Rwanda rwahaye amahirwe bavuye mu nkambi za Tingi Tingi na Ngara

Ba Minisitiri u Rwanda rwahaye amahirwe bavuye mu nkambi za Tingi Tingi na Ngara

27 Jun 2026
AMAFOTO- Abarimo Minisitiri wa Siporo, Nelly Mukazayire, uw’Ubuzima, Dr Sabin bari mu bantu barenga 4000 bitabiriye Kigali International Peace Marathon

AMAFOTO- Abarimo Minisitiri wa Siporo, Nelly Mukazayire, uw’Ubuzima, Dr Sabin bari mu bantu barenga 4000 bitabiriye Kigali International Peace Marathon

13 Jun 2026
Dusesengure CV ya Baker Byatsi uvugako yize Kaminuza igihe yari afunze

Dusesengure CV ya Baker Byatsi uvugako yize Kaminuza igihe yari afunze

03 Jun 2026

Perezida Kagame yashimye PSG yegukanye UEFA Champions League ya 2025/26

31 May 2026

KWAMAMAZA

Kandaho

KWAMAMAZA

KWAMAMAZA

KWAMAMAZA

Rushyashya
Rushyashya ni Ikinyamakuru cya Sosiyete Ebenezer Media Group ltd, cyatangiye gukora mu mwaka w'2000. Kugeza ubu dukorera ku imigabane yose y'isi.

CONTACTS


P.O Box: 4305 Kigali-Rwanda
Emails: info@rushyashya.net , rushyashyanewsofficial@gmail.com

- Abo Turibo
- Twandikire
- Kwamamaza

Iyandikishe ujye ubona Amakuru

DUKURIKIRE

© Copyright 2019, All Rights Reserved
Rushyashya - Amakuru