Ikipe ya Chelsea yagiranye ibiganiro na West Ham ku mukinyi w’imbere Andy Carroll w’imyaka 29. Nkuko bigaragazwa na Telegraph West Hama ibasaba miliyoni 20 kuri uwo mukinyi Carroll.
Umukinyi wo hagati wa Arsenal n’Ubwongereza Jack Wilshere w’imyaka 26, azarangiza amasezerano ye muri uyu mwaka ni ngombwa ko apimwa kandi akemera ko umushahara we ugabanuka kugeza 20 kw’ijana kugira ngo akomeze gukinira iyi kipe
Ikinyamakuru Mirror gitangaza ko Umukinyi wo hagati wo muri Armenia, Henrikh Mkhitaryan w’imyaka 28 avuga ko bamwongerera umushahara kugirango ave mu ikipe Manchester United ajye muri Arsenal.
byitezwe ko Everton iha amasezerano yo kugura umukinyi w’imbere wa Arsenal Theo Walcott, kuri uyu wa gatatu.
Umukinyi w’imbere wa Gabon Pierre-Emerick Aubamiyang w’imyaka 28 ariko we arasaba ikipe ye Borussia Dortmund kugira ngo imureke ajye gukinira Arsenal.
Naho Barcelone yanze miliyoni 22.2 z’amapawundi ya Inter Milan ku mukinyi w’umunyembaraga Brezil w’imyaka 24 Rafinha kubera ko bamushakako Atari munsi ya miliyoni 35.5.
Umukinyi w’imbere wa Manchester United Henrikh Mkhitaryan w’imyaka 28, arigenga ku buryo ashobora kujya muikipe ya Arsenal.
Umutoza wa Arsenal, Arsene Wenger afiteimpungenge yo kugura umukinyi ukunze gukurangwa n’umubabaro wa Borussia Dortmund Pierre-Emerich Aubameyang.)
Tottenham ni imwe mu makipe ashaka umukinyi wa Norwich, James Maddison w’imyaka 21.
Umukinyi wo hagati wa Liverpool na Serbia Marko Grujic w’imyaka 21, ashaka gutizwa n’ikipe ye Cardiff City muri Middlesbrough.
Umukinyi wa Southampton Manolo Gabbiandini w’imyaka 26, ashaka gusubira mu ikipe yahoze akinamwo ya Bologna.
Tottenham nayo ishaka kugura umukinyi wo hagati wa Norwich City, James Maddison.
Fulham na yo iriho iraganira n’umukinyi w’umunyarijantine Sebastian Leto w’imyaka 31.
Nkundiye Eric Bertrand